Uruzi Nil ruriko rutera amatati akomeye mu bihugu birukoresha cane

0

Haraciye igihe  hadutse amatati mu bihugu bicamwo ndetse bikoresha uruzi Nil; Ivyo bihugu biri mu matati ni bitatu:Sudani,Etiyopiya na Misiri aho vyose bihanze uburaro n’uburamuko k’uruzi Nil, aha twovuga nk’igihugu ca Misiri kirakoresha  amazi meshi y’uruzi rwa Nil m’uburimyi nko  mukuvomera imirima ndetse akananyobwa; igihugu ca Etiyopiya naco kiriko cubaka urugomero rw’umuyagankuba rwa miliyaridi zine z’amadorari  ruzoha abanyagihugu   bagera ku miriyoni 110 bo k’umugabane wa afrika , kubw’igihugu ca Sudani na cone kifise ingomero zitari nke zituruka mw’urwo ruzi rwa Nil.

Ico amatati ariko aravako ni urugomero runiniya rw’umuyagankuba Etiyopiya iriko yubaka rwita Grand Renaissance  urwo narwo rukazokoresha amazi meshi y’uruzi rwa Nil bivunga ngo ibihugu vya Misiri na Sudani bigiye kubura amazi yari k’urugero vyahora bikoresha ariho hariko hava agashavu kw’ivyo bihugu bibiri. Igihugu ca Misiri coco kikaba caramenyesheje ko atawuzokwemererwa kutwara ima rimwe ku mazi yayo atar’ukwo akarere kose kazoja mu ruhagarara.Omo

Kubw’ayo matati atoroshe ari mw’ivyo bihugu bitatu bikoresha amazi ya Nil, umukuru w’igihugu ca Congo Felix Tshisekedi akaba ariwe arongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika yiyemeje gufasha gutatura amatati ari k’urwo ruzi rwa Nil aho yaheruka guhamagaza inama y’abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu ba Misiri, Etiyopiya na Sudani,iyo nama ikaba yarangiye Perezida Tshisekedi abemereye afise ubushake bwo gushika k’umwumvikano mu mahoro hagati y’ibihugu vyacanyemwo kubera urwo rugomero ruriko rurubakwa na Etiyopiya rukoresheje amazi ya Nil.

Ikihaye cibonekeza nuko ivyo bihugu biri mu matati na cane cane Misiri na Etiyopiya bihaye bihiga ubufasha n’ishigikirwa ry’ibindi bihugu vya afrika na cane cane ibihugu bindi bicamwo urwo ruzi bamwe n’abandi babonako igihugu ca Misiri kishobora kutaronka abazogishigikira bitumwe n’uko Etiyopiya yatangaje ko urwo rugomero iriko irasozera yubaka ruzofasha cane mu guha umuyagankuba ukwiye abanyafrika bagera imiriyoni 110 biboneka ko ibihugu vyishi vya afrika bazoshigikira cane uwo mugambi wa Etiyopiya.