Uwurongoye urunani Burundi bwa Bose Patrick Nkurunziza avuga ko hamwe botsinda amatora y’abashingamateka bazoca batunganya amatora mashasha ahurikiyemwo Bose aho mbere na Rwasa Agathon azoronka ikibanza kinini.
Gutahukana impunzi z’abarundi Bose bagorewe hanze y’igihugu hamwe no kurekura impfungwa za politike n’abapfunzwe kukarenganyo cane cane abagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa petero Nkurunziza muri 2015 kuko bari mu kuri.

Mu kiganiro cabereye ku buhinga bwa none bwa space ku musi w’ejo igenekerezo rya 12 rusama 2025,abanyamigamwe nka Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe Uprona,Patrick Nkurunziza arongoye urunani Burundi bwa Bose na Ferdinand Nkurunziza avugira umugambwe CDP baragarutse ku ntambamyi zishobora kubangamira amatora yimirije.
Kuruhande rw’urunani Burundi bwa Bose,barizeye ko umugambwe CNDD-FDD utegerezwa kuhava naho bafise intambamyi z’igitoro ibishobora gutuma badashikira abanywanyi babo neza.
Naho Biri uko Patrick Nkurunziza ngo ntibimuca intege ahubwo asaba abarundi Bose guhagurukira rimwe bagaharanira uburengenzira bwabo mu guhindura ibintu biciye mu matora.
Bimwe mu bizokwihutirwa gukorwa mu gihe urunani Burundi bwa Bose rwotsinda amatora y’abashingamateka,n’ugugutahukana impunzi zose z’abarundi zigorewe hanze y’igihugu,kurekura abapfunzwe Bose bazira ivya politike,abapfunzwe kukarenganyo,abapfunzwe bagirizwa gutembagaza ubutegetsi bwa prezida petero Nkurunziza muri 2015 kuko bariko bagaranira ukuri kwabo nkuko vyemezwa na Patrick Nkurunziza.
Yaba uwaserukiye uprona,na CDP babona ko atakindi gikwiye atari guhindura ubutegetsi buhari kuko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.
Naho biri uko biragoye kwizera imvugo z’abanyepolitike kuko benshi basa nkaho baherekeje umugambwe CNDD-FDD mu matora kugira bihigire ibibanza,ubuzi ariko batitayeho guhindura ibintu.
Kuko kuva 2010,2015 na 2020 Umugambwe CNDD-FDD ntiwigeze utunganya amatora meza ahurikiyemwo Bose aho mbere usanga umugambwe CNDD-FDD wiganziye ibice vyinshi muri CENI,CEPI,CECI mbere no mu biro vy’itora n’abahagarikizi(mendentaires politiques) ibiheza bigatuma amatora atizerwa ku rugero rushimishije.
Amatora agiye kuba abaye igihugu kiri mu bihe bidasanzwe vy’ubzima buzimvye cane,ikena ry’igitoro,ikubagurwa ry’abatavuga rumwe bikozwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD,gusambura imigamwe hagamijwe kumara inguvu abipfuza guhangana na CNDD-FDD aho vyagaragaye ku mushingamateka Agathon Rwasa yatswe ku nguvu umugambwe CNL yari arongoye, ibi navyo bizotuma ata gishasha abantu bitega mu matora yimirije ahubwo CNDD-FDD niyo igiye kwihariza urubuga yonyene.





Recent Comments