Umushikiranganganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro kuruwu wa gatanu yaratanguye urugendo ruzomushikana muri bimwe mu bihugu bikomakomeye bigize uwo muryango nk-ibihugu vy-ubufaransa, ububiligi be n-igihugu ca Swise.
Ariko kubw-amakuru yo kwizera ava muri bimwe mu bihugu azogendera ,uwo mushikiranganji ashobora kutazokwakirwa n-abagenziwe b-abashikiranganji b-ivyo bihugu ariko ngo akazokwakirwa n-abakozi basanzwe bitumwe n-uko ngo ishirahamwe ry-umuryango w-ubumwe bwa burayi hari vyinshi bakirindiye ko bihinduka mu Burundi kugira imigenderanire isubire kunaguka ikindi ivyo bihugu vya buraya vyoba bitashimishwa n-uko Leta y-uburundi ukwo iriko iritwara muvy-agateka ka zina muntu mw-iki gihe.
Tubamenyeshe ko mu biganiro vyari bimaze iminsi bihuza Leta y-uburundi n-abaserukira ibihugu vy-ubumwe bwa burayi I Burundi bigamije kwikurwa ry-ibihano vyafatiwe uburundi vyoba vyarangiye hafunditswe urupapuro rw-inzira hagati ya Leta y-uburundi n-abo baserukira ibihugu vya burayi i Burundi. Ninarwo urwo rupapuro rw-inzira Albert Shingiro agiye yitwaje mw-ivyo bihugu vya burayi kugira ashobore kugondoza ivyo bihugu bitezurire uburundi kubihano vy-ubutunzi vyabufatiye kuva mu mwaka w-2016. яндекс