Urugomero rwa Mpanda: Ikiringo cahawe kugira herekanwe abanyuruje imiriyaridi 54 caraye kirangiye.

0

Indwi zibiri zari zatanzwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye zararangiye kuri uyu wa 30 Gitugutu 2021 abarundi n-amakungu batamenye uwagize uruhara mw-inyuruzwa ry-imiriyaridi 54 z-amafaranga y-amarundi. Inyuma yo kwishikira ku kivi Perezida Ndayishimiye agasanga inyubakwa zimwe zimwe z-urwo rugomero zamaze kubomagurika, Niko guca hatangwa  Ico kiringo ku mushikiranganji w-amasoko ntanganguvu , ubutare n-agataka  ngo akore icegeranyo c-ivyononekaye mu kurangura uwo mugambi wo kurwiza umuyagankuba.May be an image of 1 person and outdoors

N-ubwo biri ukwo, uwahoze ari mushikiranganji w-amasoko ntanganguvu w-ico gihe, Côme MANIRAKIZA yaradomweko urutoke n-abarundi batari bake ko ari mu bambere yo korwako amatohoza ajanye n-iryo tunganwa ribi ry-uburyo bwagenewe kwubaka urwo rugomero rw-umuyagankuba rw-akarorero. Côme MANIRAKIZA aranavurwa kandi ko yatanze igiturire  muri Leta kugira ntihazogire abomwikeka  nahamwe ko yoba yaragize uruhara mw-inyuruzwa ry-amatungo ya Leta. Aha bagatanga akarorero k-inzu y-igorofa igeretsweko gatatu yagabiye Leta nk-inzu izokoreramwo ubushikiranganji . Biri mu vyatumye Perezida Ndayishimiye amuha agashimwe ku muntu yitanze mu gukunda igihugu kuruta abandi, hari kuwa 1 Mukakaro 2020 igihe uburundi bwahimbaza imyaka 58 ihaciye uburundi bwikukiye.  Iyo nyubakwa yayitanze mu gihe yari aherutse kwugurura iyindi nyubakwa idasanzwe igeretswe gatatu nayone, ari nayo abamwo ku gatumba  muri Komine Musigati  mu ntara ya Bubanza.Ico bamwe n-abandi badatahura nuko imwe mw-iyo nyubakwa ifise agaciro gasumba kure imishahara yose yahembwe ari ku ntebe y-umushikiranganji.

Abari bake mu barundi bahaye bibaza utu tubazo dukwirikira: None vyahereye harya nyene  nkuko Perezida Ndayishimiye akunze kuvuga amajambo akomeye bikarangira bityo? Mbe none igihe Perezida Varisito Ndayishimiye yatanga agashimwe kuri Côme Manirakiza ni kuki atigeze amubaza iyo amafaranga yubaka inzu zikagabirwa Leta iyo yavuye?