Umushikiranganji w-ubudandaji avuga ko ikena ry-ibinyobwa vya BRARUDI ritariko rirava kw-igabanuka ry-ivyo iryo hinguriro rihingura. Umushikiranganji Capitoline Niyonizigiye asigura ko bishoboka ko iryo kena ryoba riva ku bavyihereza benshi badasiba kuguma biyongera. Iryo hinguriro risabwa kuduza umwimbu kugira rishobore gutanga ivyo rihingura ku baguzi baryo bose. Capitoline Niyonizigiye akaba yabivugiye kuri uyu wa kane w-iy-indwi iriko irangira imbere y-inama nkenguzamateka.
Naho umushikiranganji yishuye ukwo kw-ico kibazo, Abatari bake babona ko iyo nsiguro yatanze idahuye n-ukwo ikibazo kimeze ndetse bakabona ko habaye kugikwepa. Ahubwo bagatanga imvo y-ibura ry-amahera y-agaciro ko ariyo iri inyuma y-iryo kena ry-ivyo binyobwa.
ˮNibaza ko iyo nyishu yama yatanzwe n-ubushikiranganji w-ubudandaji igihe cose habaye ikena ry-ibinyobwa vya BRARUDI, isima ya BUCECO hamwe n-isukare ya SOSUMO. Nibaronderere kw-ibura ry-ama devises mu gihugu ko atariyo ariko atuma tuguma mw-ibi bintu kuko ayo mahinguriro arakenera ibikoresho vya nkenerwa , ivyo navyo birangurirwa hanze y-igihugu ari naho hakenerwa cane amahera y-agaciro yo kubigura‟ Niko umwe muba nyagisagara ca Bujumbura yatwiganiye.
Recent Comments