Urugo rw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura rwatewe

0

Abantu bitwaje ibirwanisho bateye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ku rugo rwa Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Muri ico gitero, nta bantu bahasize ubuzima, umuduga waramenetse ibiyo, impome z’inzu nazo zirafatwa n’amasasu.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi aremeza ayo makuru, akavuga ko abo bantu bitwaje ibirwanisho barashe amasasu menshi batera n’amagerenade ku rugo ruri muri Rohero, karitiye ya INSS, ahasanzwe haba Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

porte

Ku mpome zo mu nzu haraboneka amasasu yahafashe, hakaba hari n’igisasu citwa SLIM catewe muri iyo nzu nk’uko bisigurwa na Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi. Abategetsi batandukanye harimwo n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI bakaba bari bishikiye kuri uwu wa mbere kuri urwo rugo rwatewe.

maire
Umutekano wahungabanye kandi kuri uwu wa mbere muri zone ya Kamenge, aho igiporisi c’Uburundi cemeza ko ahitwa kuri Gare du Nord muri zone Kamenge mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura hatewe gerenade 2 zikomeretsa abaporisi batatu n’abanyagihugu babiri.
Haratewe kandi amagerenade mu duce twa Buyenzi na Musaga, ahapfuye umuporisi umwe abandi barakomereka.