Umugambwe CNDD FDD wahojeje Abafaransa

0

Umugambwe CNDD-FDD wamenyesheje ko uhojeje igihugu c’Ubufaransa n’Abenegihugu b’Ubufaransa inyuma y’aho wumviye ko iterabwoba ryateye muri ico gihugu. Uwo mugambwe umenyesha ko wababajwe cane kandi wiyamirije wivuye inyuma ububisha bw’iterabwoba nk’ubwo atawe bugera umutwe.

juu

Uwo mugambwe wibutsa ko ata gihugu na kimwe, ko ata mugabane n’umwe abakora iterabwoba bagera umutwe.
Mw’itangazo nomero 041/2015, muri CNDD FDD bavuga ko bamaze kubona neza ko abihevyi bose bo kw’Isi bakora co kimwe ibikorwa vy’ukwica.

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko wifatanije n’Ubufaransa hamwe n’Abafaransa, uno munsi bari mu mubabaro ntangere. Uwo mugambwe umenyesha ko ububabare Ubufaransa n’Abafaransa bafise aribwo n’Uburundi n’Abarundi bafise.