UBM News ads

Umwigeme yiyahuye kubera uwamutwaje imbanyi yayihakanye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Mariya Goreti Nkurikiye ni umwigeme yarafise imyaka 37 wo ku musozi Gahahe, komine n’intara ya Kayanza akaba yitavye Imana ku mutaga wo kuri uyu wa 5 Rusama 2021 yiyahuye.
Amakuru ava mu babanyi biwe akavugako yoba yiyahuye igihe c’isaha zine z’agatondo akoresheje ikiziriko.
Ayo makuru nyene akabandanya avuga ko uwo mwigeme yaramaze iminsi agwaye aho bikekwa ko uwo mukobwa yoba yaratwajwe imbanyi nyene kuyimutera akayihakana, aca ahitamwo kuyikorora ariko inyuma yokuyikorora nawe agahitamwo kwiyahura.
Mu gipolisi c’intara ya Kayanza bakamenyeshako bariko barakora amatohoza kugira hamenyekane icatumye yiyahura.
Tukabamenyesha kandi ko uwo yitavye Imana yaciye apfubwa kuri uyo munsi nyene.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments