Umviriza hano imvo zatumye aba CNDD-FDD batangura intambara mu Burundi.

0

Inyuma y’aho incungu ya Demokrasi y’Uburundi agandaguriwe ariwe Ndadaye Melchior, harabaye imigwi y’abagwanyi yari ifise intumbero yo ‘kugarukira agateka k’abahutu’. Iyo migwi igwana yaratanguye kugwana n’ingabo za leta y’Uburundi kuva mu myaka ya 1993.

Unwe muri iyo migwi yagwana ico gihe ni umugambwe uhari muri kino gihe kandi akaba ariwo utwara Uburundi, ariwo CNDD_FDD. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yamenyesheje icatumye aba CNDD-FDD bafashe inzira yo gufata ibigwanisho.

Bimwe muvyo Ndayishimiye avuga ni uko CNDD-FDD yagiye mw’ishamba kubera ‘kugwanya intwaro yatuma Abarundi basubiranamwo…ishigikiwe n’abakoloni‘.

Evaritse NdAYIHSIMIYE yamenyesheje: “Mu Burundi twarabayeho nk’impfuvyi, tubaho tutagira Leta twitura, hari akagwi gatunganiriza bamwe, kakareka abandi. »

Ivyo bikaba vyameneyshejwe na Ndayishimiye Evariste igihe yari yagendeye abahoze ku rugamba bo mu ntara ya Kayanza, kuri uyu wa gatatu ; igenekerezo rya 14/11/2018.

Mukurikire hano: