Umuyoboke wa isiramu wo kurwego rwa ˮ shehe‟ yahagaritswe yagirizwa gutuka umushikiranganji NDIRAKOBUCA.

0

Bitumwe n-amajambo yavugiye mu masengesho yo mu gatondo ku musigiti wo muri komine Ntahangwa, cheikh Rashid Ndikumana ubu abarizwa mu minwe y-inyamiramabi.  Yagirizwa ko yagabishije yongera abwira umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca ko yosaba ikigongwe abayoboke ba isaramu mu Burundi ku majambo aherutse kuvuga.May be an image of 1 person and beard

Inyanduruko yo kuvuga ayo majambo ndetse no kuba cheikh Rashid yahagaritswe ni ivyo umushikiranganji Gervais Ndirakobuca aheruka kuvuga ku bijanye no gukoresha ivyuma vy-indangururamajwi bisanzwe biri ku minara y-imisigiti mu guhamagarira abantu ngo baje gusenga.  Aho uwo mushikiranganji yasavye ko abayoboke b-idini rya isiramu mu Burundi bogabanya urwamo rw-ivyo vyuma ndangururamajwi kubera ngo usanga bikoma bikanakangura ababa baryamye bo mu micungararo basanzwe batari mw-iryo dini.

Mu gipolisi baremeza ayo makuru. Petero Nkurikiye asanzwe avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako  uwo mu isiramu wo kurwego rwa ˮ shehe‟ aza yamaze gukorerwa dosiye.