Barasaba amatohoza ku rupfu gwa Cyprien Ntaryamira

0

Imiryango y’abashikiranganji babiri bapfanye na Perezida Cyprien Ntaryamira mu 1994 isaba ibihugu bigenzi vy’Uburundi gufasha kugira urubanza rutohozwe kuri urwo rupfu.

Abo basigwa banasaba indishi y’akababaro kubera indege baguyemwo yari ifise ubwishingizi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere, iyo miryango yahamagariye reta guha akazi abana basizwe. Cyprien Ntaryamira yapfuye ku myaka 39 gusa yari umukuru w’igihugu agira kabiri wo mu bwoko bw’abahutu arongoye Uburundi inyuma ya Melchior Ndadaye. Yaguye mu ndege yahitanye mugenzi we w’u Rwanda Juvenal Habyarimana mu gihe bari bavuye mu nama mu gihugu ca Tanzanie.