UBM News ads

Umushahara muto utumye abagisha ba kaminuza y’uburundi bata akazi-Prof Nisubire Desiré.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igisata c’ubuganga muri kaminuza y’uburundi(CHUK) gishobora kwugara umwanya wose kubera abigisha b’abaganga bariko barata akazi bigira hanze kumvo y’agashahara gato bahembwa nkuko vyemezwa na Prof Nisubire Desiré arongoye syndicat y’abigisha ba Kaminuza y’uburundi.

Prof Desiré Nisubire ati:” ntamwarimu afise Doctorat yokwemera guhembwa 1.100.000fbu musi y’amadorari 200,utabuze iyo uja ntiwoyakorera kandi aba barimu baguma baronderwa kw’isi.”.

Umuyobozi wa syndicat y’abakozi ba kaminuza y’uburundi Prof Desiré Nisubire amenyesha ko muri kaminuza y’uburundi abigisha bari guta akazi ku bwinshi ibigiye gutera ibibazo haba ku gihugu no kubanyeshure.

Prof Desiré Nisubire arongoye syndicat y’abarimu bo muri kaminuza y’uburundi akaba n’umwigisha muri iyo kaminuza,atanga akarorero aho mu gisata c’ubuganga muri kaminuza y’uburundi(CHUK) gishobora kugara kubera abigisha baguma bigira kubera agashahara gato baronka.

Prof Desiré Nisubire agira ati:”nta mwarimu wa kaminuza afise Doctorat yokwemera guhembwa amafranga angana 1.100.000fbu musi y.amadorari 200 kandi hari aho bamukeneye ashobora guhembwa n’idorari 3000-4000$,kandi aba bigisha baguma bakenewe mu bindi bihugu.

Prof Desiré Nisubire akaba avuga ko ibi bigira ingaruka nyishi kubanyeshure no kugihugu agasaba Leta ko yosubira gutanga uturusho bita “annale”twahora dutangwa buri mwaka twahagaritswe muri 2016.

ibi akaba yabishikirije kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 kigarama 2024 mu nama ya bose y’abakozi ba kaminuza y’uburundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments