UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umurwi CVR nta burenganzira ufise bwo kwemeza ko habaye ihonyabwoko rya 1972-Evariste Ngayimpenda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

umwigisha muri kaminuza y’uburundi akaba n’umwanditsi w’ibitabo kuvya kahise Evariste Ngayimpenda avuga ko umurwi CVR ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi ata burenganzira ufise bwo kwemeza ko habaye ihonyabwoko ry’abo mu bwoko bw’abahutu ryo mu mwaka 1972.kubwiwe ico CVR ikora n’ugukora amatohoza gusa kuvyabaye igatanga icegeranyo hama ishirahamwe mpuzamakungu ONU niyo yemeza canke igahana ko habaye ihonyabwoko mu gihugu.ibi yabivugiye kuri radio nkuru y’igihugu kuri uyu wa gatandatu uheze.


Evariste Ngayimpenda agira ati:«CVR siyo yari ufata ingingo ko habaye ihonyabwoko mu mwaka wa 1972 canke ritabaye yari gutohoza hanyuma imaze gutohoza igashikiriza raporo mu nzira zo kunywanisha abarundi hanyuma bafatiye kuvyo batoye bagashobora guhamagara ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikazana umurwi w’abahinga mpuzamakungu.kuko ingorane mu gihe ari ubwicanyi bwabaye hagati y’abarundi,hagati y’abahutu n’abatutsi biragoye ko abarubdi bonyene bashobora gucira urubanza abakoze ivyo vyaha.kuko iyo habaye ihonyabwoko mu gihugu hama ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikavyemeza,ninaho vyoroha gucira urubanza abo bantu kuko ibihugu vyose biri muri ONU bihamagarirwa gucira urubanza abo bantu barikoze ibihugu vyose barimwo kuko no mu Rwanda niko vyagenze ihonyabwoko ryakorewe abatutsi ryemejwe na ONU ntiryemejwe n’urwanda arico gituma vyoroshe gukwirikirana abarikoze aho bari hose.»

Umurwi CVR washizweho igenekerezo rya 21 mukakaro 2014 hama uza gutangura ibikorwa nyezina igenekerezo rya 10 kigarama 2014 ukaba warufise inshingano zo gutohoza ku bwicanyi bwabaye mu mwaka wa 1972 bivurwa ko bwakorewe abo mu bwoko bw’abahutu mbere n’inyuma y’ico gihe kugira habe kunywanisha abarundi bose bahuye n’ibihe vy’amagume.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments