UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Nta mipanga yatanzwe kurwaruka rwegamiye ubutegetsi bwa CNDD-FDD-Leonidas Hatungimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu mugambwe MSD urongwe na Alexis Sinduhije hamwe na PPD Girijambo urongowe na Leonidas Hatungimana barabeshuza amakuru avuga ko hoba haratanzwe imipanga ku rwaruka rw’imbonerakure rwegamiye ubutegetsi bwa Cndd-Fdd mu ntumbero yo guhungabanya umutekano w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.bakaba bavuga ko mu matohoza bakoze mu bice bitandukanye vy’igihugu basanze ata nahamwe iyo mipanga yatanzwe.


Igenekerezo rya 5 ndamukiza ikimenyeshamakuru le mandat gikorera ku buhinga ngurukanabumenyi caranditse ku makuru ko hoba harinjiye konteneri 4 zuzuye imipanga ivuye mu bushinwa mbere ikazanana ku mupaka wa Tanzaniya.

Igenekerezo rya 8 ndamukiza umuyobozi mukuru w’I radiyo RPA ijwi ry’abanyagihigu,Bob Rugurika yaremeje amakuru avuga ko urwaruka rwegamiye umugambwe uri kubutegetsi ruriko rurahabwa imipanga mbere ko bamwe muri urwo rwaruka rwashoboye gutanga amakuru rwavuga ko babahaye imipanga muga bakababwira ko borindira bazobabwira ico bayikoresha.

Ivyose rero biri mu vyatumye iyi migambwe ibiri MSD na PPD Girijambo yihutira gukora amatohoza nkuko Desire Hatungimana yaserukiye iyo migambwe ibiri yabivuze.yagize ati:«umugambwe PPD Girijambo umaze kwumva ayo makuru wabanje gusimba umutima abanywanyi bari mu Burundi n’abari ahandi turavugana turarondeza tuvuga tuti iryo bara ntirikabe.tumaze kwumva koi zo nkuru zisa n’izitarizo turabaza abagenzi kugira twumve ko nabo harivyo boba bazi hama dusanga umwitwarariko numwe duca dutangura kugira amatohoza yimbitse ku bantu babamenyeshamana bo muri ekreziya Katolika mu ntaraza Bubanza Cibitoke,turabaza abantu b’abaporoti,aba pentecoti hamwe n’aba islamu,turabaza n’abarwizatunga batandukanye basanzwe bafise uburyo bwinshi dusanga nabo nyene bariko bararondeza,twagiye na Kobero aho ibidandanzwa bisanzwe bishikira bivuye hanze bose batubwiye ko ayo makuru bayumva ku ma radiyo gusa kandi twabaza abantu basa nabadashigikiye ubutegetsi bwa Bujumbura badashobora gukingira ikinyoma ubutegetsi bwa Cndd-Fdd.»

Kuruhande rw’abavuze ko urwaruka rwegamiye ubutegetsi bwa Cndd-Fdd ruriko ruhabwa imipanga, bobo bavuga ko iyo migambwe ibiri MSD na PPD girijambo batababajije ngo babahe umuco kandi bobo bemeza ko bavuze ko imipanga yahawe imbonerakure zo muri komine Mutimbuzi gusa ivyerekeye ikonteneri 4 zine zinjiye bobo batabizi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments