Sixte Vigny Nimuraba niwe asigaye aramutswa umurwi CNIDH ujejwe kuraba ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi. Sixte Vigny Nimuraba akaba ava mu ntara ya Karusi akaba asubiriye Jean Baptiste Baribonekeza ava mu ntara ya Gitega yaramaze imyaka ine arongoye uwo murwi. Akaba yatowe n’Inama Nshingamateka kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 ruhuhuma 2019.

Icegera c’umukuru mushasha wa CNIDH akaba ari Consolate Habimana ava mu ntara ya Kayanza, umunyamabanga nawe akaba ari Anatole Bacanamwo aturuka mu ntara ya Gitega. Abandi bakomiseri 5 batowe mu bantu 56 bari bitoje ni Jacques Nshimirimana, Janviere Hatungimana.
Aba bakaba baza biyongera ku bakomiseri 2 bari batowe mu kwezi kw’icenda 2018 itariki 12 n’Inama Nshingamateka aribo Njangwa Gilbert Bécaud ava mu ntara ya Mwaro na Rose Ntawe ava mu ntara ya Gitega.
Mukamenya ko ubwoko bwose bw’isangamwo hisunzwe ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi. Ibintu bikuru bikuru vyisunzwe mu gutora aba bantu aka ari kwigenza neza mu bantu, kuba utwara ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, agateka k’abakenyezi, ak’abana, agateka k’abigisha hamwe n’abihebey’Imana.
Amadosiye y’abo bakomiseri 7 ba CNIDH batowe akazoca ajanwa mu Nama nkenguzamateka kugira yemezwe imbere yo kurahira imbere y’Umukuru w’igihugu.





Recent Comments