Umuririmvyi w-umurundi Bizimana Aboubakar Karume benshi bamuzi kw-izina rya ˮSAT-B‟ abarizwa guhera kuri uyu wa gatatu mu gasho k-igipolisi c-inyamiramabi kiri i bujumbura. Bivurwa ko yoba yagirizwa ideni ry-amafaranga y-amarundi angana n-imiriyoni zitatu .
Ayo mafaranga SAT-B akaba yayahawe na mugenziwe asanzwe aririmbira muri Leta Zunze ubumwe za Amerika , Don Bright, yari yipfuje gukorana nawe, munyuma yoba yahavuye adashitsa amasezerano bari bumvikanye.
Tubamenyeshe ko umuririmvyi SAT-B yarasigaye ari icamamare mu muziki w-uburundi ndetse akanaba ageze ku rwego rw-abamiriyoneri abifashijwemwo ubuheruka n-ishirahamwe rikora inzogaCrown Royal igihe batera umukono ku masezerano yo gukorana n-iryo shirahamwe. Akaba kandi yarahawe n-ubundi burusho n-iryo shirahamwe hatibagiwe imodoka nziza igezweho naho itavuzwe ubwoko bwayo.
Recent Comments