UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Umuririmvyi Bizimana Aboubakar azwi kw-izina rya ˮSAT-B‟ abarizwa mu gasho kuva kuri uyu wa gatatu.

UBM News ads

Umuririmvyi w-umurundi  Bizimana Aboubakar Karume benshi bamuzi kw-izina rya ˮSAT-B‟ abarizwa guhera kuri uyu wa gatatu mu gasho k-igipolisi c-inyamiramabi kiri i bujumbura. Bivurwa ko yoba yagirizwa ideni ry-amafaranga y-amarundi angana n-imiriyoni zitatu .Sat-B | Spotify - Listen Free

Ayo mafaranga  SAT-B akaba yayahawe na mugenziwe asanzwe aririmbira muri Leta Zunze ubumwe za Amerika , Don Bright, yari yipfuje gukorana nawe, munyuma yoba yahavuye adashitsa amasezerano bari bumvikanye.

Tubamenyeshe ko umuririmvyi SAT-B yarasigaye ari icamamare mu muziki w-uburundi  ndetse akanaba ageze ku rwego rw-abamiriyoneri abifashijwemwo ubuheruka n-ishirahamwe rikora inzogaCrown Royal igihe batera umukono ku masezerano  yo gukorana n-iryo shirahamwe. Akaba kandi yarahawe n-ubundi burusho n-iryo shirahamwe hatibagiwe imodoka nziza igezweho naho itavuzwe ubwoko bwayo.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments