Muri komine Matana, , umupfakazi atunze impfumvyi zitanu yasubijwe inzu yiwe kuri uyu wa gatandatu.
Inyuma y’urupfu rw’uwo bubakanye, Yollande yari yasavye uwayibamwo kuyisubiza. Ariko ntiyashotse avyumva yagumye atanga amasango.
Abenshi barateye ivyatsi iyo nyifato ayo makuru rero yagiye aravugwa cane kumbuga ngurukanabumenyi nka zose yoba yaranashikiriye Buramatari w’intara ya , ariwe yahavuye atanga itegeko ry’uko iyo nzu isubizwa nk’uko amakuru ava i Bururi abivuga.
́, umukozi wo muri DCE Matana ari nawe yashaka kwihagira iyo nzu y’umupfakazi, yahavuye atanga impfunguruzo z’iyo nzu kuri uyu wa gatandatu.
Umukenyezi Yollande akaba ashima abamufashije ico gihe yatabaza.
Bamwe mubamenye inyo nkuru bagasaba uko uwo mugabo yofatwa agashengezwa imbere y’ubutungane.
Recent Comments