Ubushikiranganji bw’indero bwasohoye itangazo bubeshuza amakuru avuga ko umwana w’uwahoze ari umushikiranganji w’indero (Gaspard Banyankimbona) yafatanywe inyishu z’ikibazo ca Concours National kuri SOS.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko uwariko acungera ikibazo yashatse kumenya igituma urupapuro umwana ariko akorerako hariko ikintu gifuse, hama kugira ntibagore abandi basohoka hanze asanze atakimwagira aramwinjiza.
Amakuru yaramaze imisi aca ku ngurukana bumenyi yavuga ko uwo mwana yafatanywe inyishu z’ikibazo cariko kirakorwa hama umwigisha aramusohora.
Mu nyuma ngo haje abapolisi bayaga n’umwigisha, umwana asubizwa mw’ishure gukora ikibazo.
Ayo makuru nyene yabeshujwe yavuga ko abandi banyeshure babiri bo kuri iryo shure nyene bobo ngo bafashwe bafise inyishu ntibahabwa akaryo ko gusubira gukora.
Aho Ubushikiranganji bumenyesha ko abo vyagaragaye ko bivye kandi ko bahanwe hisunzwe amategeko agenga Concours National.
Recent Comments