Umunyeshure yapfuye kubera inkoni yakubiswe n’umwigisha wiwe

0

Umunyeshure yitwa Chadia Nishimwe yarapfuye kubera inkoni yakubiswe n’umwigisha wiwe mu gisagara ca Bujumbura mu Buraruko bw’igisagara.

Nk’uko ibinyamakuru bitari bike vyabitangaje, uyo munyeshure yapfuye inyuma yo gukubitwa inkoni mu mugongo no mu bitugu.

Ivyo bikaba vyabereye muri Zone Kinama kw’ishure ryo muri Quartier Carama. Ubuyobozi bw’iryo shure bukaba bwamenyesheje ko uwo mwana yari afise ingwara y’intandara.

Ababanyi b’uwo munyeshure hamwe n’umuryango wiwe  bagasaba ko uwo yakoze iryo bara yofatwa agashikirizwa ubutungane.

Bikaba bimaze kumenyeskana ko uwo mwigisha yitwa Lodie Nitereka wo kuri iryo Shure ryo mu Kinama yamaze guhunga maze ubuyobozi w’iryo shure akaba ariwe ari mu minwe y’abajejwe umutekano.

Ingeso yo gukubita abanyeshure gushika naho bapfa iragisibije mu Burundi nk’uko biheruka kandi gushika.

Abarundi bamwe bamwe baratera ivyatsi iyo ngeso kubera ari uguhekura abo abigisha bariko bararera, maze bagasaba Ndirahisha Janviere guhagurukira ico kibazo.