Umukuru w-igihugu c-uburundi yiyemeza ko agiye kwifatanya n-urwaruka kugira rwiteze imbere.

0

Mu kiganiro yagiranye kuri uyu wa 31 Myandagaro  2021  n-urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ku kibuga c-umupira w-amaguru INTWARI ,Perezida Ndayishimiye yiyemeje ko agiye kwifadikanya n-urwaruka rufise indoto zo kugira zive mu bukene.Image

Umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye yagize ati:

ˮJewe ndi umujama w-urwaruka, Abatama bashavura bareka, on s’en fout. Nzogumana namwe kugira tubereke ko tubaruta, kuko iyo bagira ico bamara mu gihe cabo ntituba twavukiye mu gihugu kimeze uku. Nzojana namwe  kuko arimwe mubona iyo muja.  Iterambere ry-urwaruka narishize mu vyihutirwa . N-umutahe  waratanzwe . Ihangiro  n-uko za miliyaridi  48 z-amarundi zahawe  urwaruka, zirwiza na 3 mu myaka 2 irimbere ‟

Urwaruka rutari ruke rwavuganye n-ikinyamakuru UBM News ,rubona ko umukuru w-igihugu c-uburundi afise ishaka ry-ukwo urwaruka rw-uburundi rwahejeje amashure rudafise ubuzi rwotera imbere mukwikorera imigambi yarwo. Ariko, bamwe mw-urwo rwaruka babona yuko intambamyi nini yoyo ikihari kugira ico cipfuzo c-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye agishikeko kubera ko urwaruka ruri muyindi migambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD rufatwa nk-ibicibwa aho, ngo hageze ikiza gufasha ibishomeri usanga hibutswe ahanini  abari mu mugambwe uri ku butegetsi hamwe n-iyo bicuditse hamwe.