Umukenguzamateka Spès-Caritas NJEBARIKANUYE yaraciwe ihadabu bitewe n-ukuduza igiciro co kuranguza isukari.

0

Icegera ca mbere c-umukuru w-inama Nkenguzamateka umupfasoni Spès-caritas  Njebarikanuye yaraciwe  kuri uyu wa 31 Myandagaro 2021 ihadabu ry-amafaranga imiriyoni zibiri z-amarundi 2000.000FBU bitewe n-uko yafashwe ariko aranguza umufuko w-isukari ku mafaranga 125.000 y-amarundi,ni mugihe uwo mufuko usanzwe uranguzwa  amafaranga 114.000 FBU.Burundi: Emmanuel Sinzohagera yatorewe kurongora Inama nkenguzamateka - BBC News Gahuza

Uwo mukenguzamateka yatowe mu ntara ya Gitega akaba ari umwe mu badandaza bakuru b-isukari bazwi mu ntara ya Gitega  n-ishirahamwe SOSUMO .Ivyo bishitse mu gihe  abadandaza bato bato baguma bidoga ko batariko baroroherezwa mu kuronka iyo sukari , bakavuga mbere ko ishobora kuba igurishirizwa mu kinyegero.

Twobibutsa ko kuva aho umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca atangiye itegeko ry-uko uwuzofatwa ariko adandaza ibinyobwa vya BRARUDI, isima ya BUCECO ,hamwe n-isukari abanje kuduza ibiciro vyashinzwe na Leta, Abatari bake baramaze guhanwa mu gucibwa amahadabu y-amahera menshi.