UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umukenyezi w-uwuserukira igihugu ca Hollande mu Burundi yarabujijwe gufata urugendo ku kibuga c-indege Melchior Ndadaye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukenyezi w-uwuserukira igihugu c-ubuholande mu Burundi yarabujijwe kwurira indege mw-ijoro ryo kuri uyu w-Imana ku kibuga c-indege citiriwe Melchior Ndadaye. Itegeko ryo gusivya urugendo ry-uwo munyacubahiro ryatanzwe n-uwujejwe igisata c-umutekano kw-ico kibuga c-indege. Ni mugihe ibisabwa vyose ngo afate urugendo yarabikwije.Covid-19/ aéroport international Melchior Ndadaye : des ajustements avant  sa réouverture effective – IWACU

Indege yari gutwara umukenyezi w-uwuserukira igihugu ca Hollande mu Burundi ni iyi komanyi SN BRUXELLES yo mu gihugu c-ububirigi. Bikaba vyari bitegekanijwe ko ihaguruka igihe c-isaha zitatu zo mw-ijoro , ku masaha yo mu Burundi. Igihe umukenyezi w-uwo aserukira igihugu ca Pays-bas mu burundi yari yahejeje gutunganya ibisabwa vyose kugira ngo yurire indege, yashatse kunywa itabi ryo mu bwoko bwa «cigarettes» mu kurindira ko ahaguruka , ivyo ngo yahavuye asabira uruhusha abajejwe umutekano aho ku kibuga c-indege .

Nkuko tukesha iyo nkuru iradiyo Ijwi ry-abanyagihugu RPA, Uwo mukenyezi amaze kuva mu kibanza yariko anyweramwo iryo tabi , yahavuye asanga umuryango winjira aho ingenzi zirindirira indege bamaze kuhugara, ivyo navyo bikaba ngo vyakozwe n-uwitwa Dieudonné Ndacayisaba ajejwe umutekano w-ikibuga c-indege afadikanije n-uwo batazira Jean-Pierre asanzwe ari umuhanuzi mu vy-amategeko aho nyene mu kibuga c-indege . Abo bompi rero, bahavuye bagiriza uwo mukenyezi ko yagayanye cane maze  baca basivya urugendo rwiwe .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments