Amasanamu n-amafoto amaze imisi anyuragiranwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye biherekejwe n-amajwi y-umukenyezi atyoza umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye ngo ni abagomba kumuremeka inteba ishushe . Uwo mukenyezi agasaba ababishoboye kubeshuza ico kinyoma bariko baramuremekako kuko we ataco yiyagiriza .
Umukenyezi w-umurundikazi asanzwe mu mahanga avuga ko yaguye mu gahundwe aho yumva incuti n-abagenzi bamuhamagara abandi bamwandikira bamubaza ifoto yiwe yariko iranyuragiranwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye yerekejwe n-ijwi ry-umurundikazi bivurwa ko nawene aba mu mahanga mu gihugu ca Omani , aho uwo nawe yumvikana avuga amajambo atyoza umukuru w-igihugu c-uburundi .
Abicishije kw-iradiyo Peace FM ijwi ry-urwaruka, Uwo mukenyezi aramirira kure ivyo wamwegetseko :«Nagiye mbona ama groupe menshi yo ku mbuga ngurukanabumenyi cane cane ama youtube, ama facebook na Tiktok bariko baranshirako ibintu vyuko jewe noba naratutse umukuru w-igihugu c-uburundi . Bafashe Video yanje iri mu muhora wa Tiktok tuhora dukunda kwinezereza , iyo video barayitora bamaze kuyitora baca bayigira screen shot , abandi bafata irya video bakaba ariyo bashiramwo ivyo ibiganiro vyabo vy-ibinyoma hanyuma indirimbo irimwo bakayikuramwo amajwi bakerekana ko ndiko ndavuga hanyuma bakamvugako amajambo»
Uwo mukenyezi akavuga ko atagitora n-agatiro kubera aho ahonyoye hose yumva ata mutekano afise kw-iyo foto yiwe iguma ihanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye . Akavuga ko afise n-amakenga kubw-umutekano wiwe n-umutekano w-umuryango. Ikindi uwo mukenyezi ahakana nuko ataba muri Omani nkuko urya mugore yatangaje burya butumwa vyavuzwe ko aba iki gihe muri Omani.





Recent Comments