Ishirahamwe ryishinzwe kurwanya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-ubutunzi bwa Leta, OLUCOME rivuga ko ingingo ya Leta yo kuduza ibiciro vy-ibitoro mu gihugu c-uburundi igiye gusongera isibe ubukene butagira izina busanzwe iki gihe bwugarije abarundi isinzi. Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME akamenyesha ko Leta itegerezwa gukingira umunyagihugu , itabikoze naho ngo abanyagihugu si ibijuju bazogera igihe babone yuko uko Leta yarijejwe kubafasha , no kubakingira ariyo iriko irabohohotera.
«Muri OLUCOME twaratangaye cane tubonye ukungene ibitoro vyaduze , bikaduga ku rugero bitari bwigere bidugako kuko bahora baduza hagati y-amahera 50 n-ijana mugabo ubu badugije amajana atatu kw-iritiro ry-igitoro ca Essence, ca Mazout n-igitoro ca Petrole. Ibi rero nkuko mu bizi, haduze amahera agera ku bice 12% mu gihe abarundi bakenye cane , ivyo rero bikaba ari ibintu ata muntu numwe yosabirako kuko imiriyoni n-imiriyoni z-abarundi bari mu bukene butagira izina» Niko RUFYIRI avuga, hari kuri Radiyo Peace FM ijwi ry-urwaruka.
Gabriel RUFYIRI akamenyesha iryo duzwa ry-ibiciro vy-ibitoro rigiye kugira ingaruka mbi ku munyagihugu muto. Uwo arongoye OLUCOME abisigura uku :« umunyagihugu nya rucari niwe agomba na ntaryo kuguma anunuzwa n-inzego z-igihugu kandi arizo zategerezwa kumuzigama no ku mukingira. Murabizi neza amabarabara yo muri iki gihugu cacu ameze nabi, amashure murabizi ingene bimeze abana ntibagira aho bicara , ibijanye n-amavuriro ntawo bivuga, imiti ntawoyivuga, n-ibindi n-ibindi,… mugabo wagenda kuraba ku rundi ruhande ni akarwi k-abantu begereye ubutegetsi n-abakorana nabwo baratunze gusumvya Leta»





Recent Comments