Umuhari RED-TABARA umenyesha ko utarota udohoka k-umugambi wayo wo kurwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD ko kandi uza uri mu gihugu cose.

0

Kuruwu wa 20 Rusama uy-umwaka  w-2021,  RED-TABARA,  umwe mu mihari watangaje ko Ufashe Umuheto urwanye ubutegetsi bwa CNDD-FDD warasohoye itangazo aho umenyesha abarundi n-amakungu ko kubona basohoye itangazo kw-iyo tarike ya 20 Rusama  ariho bibuka umwaka uhaciye hakozwe amatora mu Burundi hari kuwa 20 Rusama 2020 ko rero bashatse kwibutsa mw-uwo muhari Ko umugambwe CNDD-FDD ubandanya uhonyanga amategeko na cane cane amasezerano ya Arusha .RED Tabara on Twitter: "Press release of @Red_Tabara following the Final  Declaration of Mini-summit organized at the initiative of President of  #DRC, HE Félix TSHISEKEDI @fatshi13 on 07/10/2020 by videoconference with  his

Uwo muhari ubandanya umenyesha ko  ayo matora yabaye mu mwaka w-2020 yabaye amatora yo gukumirana aho muri rusangi amatora yamye akorwa na CNDD-FDD hamye hagenda mw-ihiganwa abo uwo mugambwe  wishakira ko bahiganwa. Uwo muhari uvuga ko wafashe umuheto usaba abarundi n-amakungu ko umugambwe CNDD-FDD woganira n-abo bafitaniye ibibazo harimwo n-uwo muhari watangaje ko ugiye gukoresha inguvu za gisirikare hamwe n-uwundi murwi w-abarundi Kugira hategurwe amatora ahurikiyemwo bose atanumwe akumiwe.

Umuhari RED-TABARA wongeye uramenyesha kandi ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD buriko buraba intambamyi y-amahoro mu karere k-ibiyaga binini nko gukorana n-umuhari FDRL uwo nawe uri mubakoze ihonyabwoko ry-abatutsi mu gihugu c-u Rwanda mu mwaka w-1994 hamwe no gukorana kandi n-iyindi mihari irwanira mu gihugu ca congo neza na neza mu bumanuko bw-intara ya KIVU . Iyo mihari ni nka  GUMINO na TWIRWANEHO aho Leta ya CNDD-FDD ifasha iyo mihari mu bikoresho vyose bikenerwa ku rugamba. Uwo muhari wa RED-TABARA urahakana kandi ko utariko ukora ubwicanyi bw-abanyamulenge bo muri Kivu y-ubumanuko ko ahubwo wivuna imihari  GUMINO na TWIRWANEHO yegamiye abo banyamulenge,Iyo nayo ikaba kandi ikorana n-intwaro ya CNDD-FDD ibicishije ku basirikare bayo hamwe n-imbonerakure baba barungitswe mw-ubwo burere kugira barwanye uwo muhari wa RED-TABARA.

Mu kurangiza, umuhari RED-TABARA utangaza ko utarota udohoka k-umugambi wayo wo kurwanya ukoresheje ibirwanisho intwaro y-umugambwe CNDD-FDD  ko kandi uwo muhari uri mu gihugu cose c-uburundi.