UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Congo: Havurwa Intambara hagati y-umuhari RED-TABARA hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi , mu karere ka Lemera kari mu ntara  ya Kivu y-ubumanuko havurwa imirwano yahuje umuhari REDTABARA hamwe n-uruwaruka  rw-imbonerakure rw-umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD .Sud-Kivu_Lemera RDC – UviraOnline

Ikinyamakuru SOS MEDIAS BURUNDI kimenyesha ko iyo mirwano yabaye kuruwu wa gatatu neza na neza mu burere bwa Kifuni na Mibande mu gihe umuhari urwanya Leta y-uburundi RED-TABARA urikumwe n-uwundi muhari w-abakongomani witwa MAI-MAI ILUNGA batera ibirindiro vy-urwaruka rw-imbonerakure urwo  narwo rwiyunze n-uwundi muhari w-abakongomani bita GUMINO urongowe n-umusirikare w-ipete rya colonel azwi kw-izina rya Nyamusaraba. Imihari ibiri y-abakongomani MAI-MAI ILUNGA na GUMINO iremeza ko  izo ntambara zabaye gusa ntitanga ivyahononekariye.

Tubamenyeshe ko urwaruka rw-imbonerakure be n-abasirikare b-uburundi bama barungitswe na Leta y-uburundi naho bitigera vyemezwa k-umugaragaro ngo baje gutuza imihari irwanya Leta y-uburundi iba iriko iritegura kwinjira mu Burundi irwanye ubutegetsi bw-umugambwe CNDD-FDD.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments