Umuhari Nkundagihugu MAP Burundi Buhire uvuga ko umugambwe CNDD-FDD ataco wamariye abarundi atari kubashira mu bukene butagira izina.
Nkuko bishikirizwa na Emery Pacifique Igiraneza,ubutegetsi bwa CNDD-FDD igihugu carabananiye gutwara bakwiye guhagarika iyi kinamico y’amatora hakaba ibiganiro n’aberwa bose n’ibibazo biri mu gihugu.

Mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gutera akamo abarundi bose kwiyandikisha guhera kuwa 22 Gitugutu 2024 ngo bazokwitabire amatora yimirije,Mu muhari Nkundagihugu Map -Burundi buhire bemeza ko ahubwo ayo matora ari ikinamico kuko ubutegetsi bwa CNDD-FDD atakindi bwamariye abarundi atari kubashira mu bukene butagira izina.
Muri MAP Burundi bemeza ko uburundi giharurwa mu bihugu vya nyuma kw’isi bisinzikajwe n’inzara mbere ikaba iri kurugero rwa 60%.Amafranga mvamakungu n’umuzi w’ibuye mu gihugu,agateka ka zina muntu karabangamiwe,gupfungira abantu ubusa hamwe no kunyuruza abantu bakaburwa irengere.ibi vyose vyerekana ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwananiwe kuyobora uburundi.
Emery Pacifique Igiraneza arongoye umuhari Map Burundi Nkundagihugu avuga ko ivyo ubutegetsi bwa CNDD-FDD buri gutegura n’ikinamico si amatora.ahubwo ngo icari gikwiye harakenewe ibiganiro bidakumira n’aberwa bose n’ibibazo biri mu burundi gutyo haboneke umuti urama munyuma hatunganywe amatora meza ahurikiyemwo bose





Recent Comments