Umugambwe CNL uyobowe na Nestor Girukwishaka basaba bashimitse Leta imfashanyo y’amafranga igenewe imigambwe yemewe n’amategeko kugira ishobore kwiyamamaza no kwitegurira amatora yimirije.

Mu gihe kuri uyu wa gatandatu umugambwe CNL waruramutse utunganya ikiganiro kubamenyeshamakuru,Uwutwara CNL kurwego rw’igihugu Nestor Girukwishaka yasavye Leta gutanga imfashanyo y’amafranga igenewe imigambwe yemewe n’amategeko kugira yitunganye neza mu myiyamamazo y’amatora yimirije mu mwaka uza.
Nkuko Nestor Girukwishaka abivuga ngo biri mw’ibwirizwa nshingiro mu ngingo ya 84 agace ka 1 aho bavuga ko kugira democrasi igende neza hari uburyo bw’amafranga bugenewe imigambwe yemewe n’amategeko kugira buyifashe kwitunganya neza mu bihe vy’imyiyamamazo y’amatora.kubwiwe rero CNL ihagaze neza kuko no mu nama nshingamateka ufiseyo ibice 30%.
Ikindi Nestor Agarukako n’ingene umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI utunganijwe aho babona ko amatora ya 2025 ashobora kugenda nabi kuko uwo murwi CENI hamwe na CEPI,CECI yose yigenjemwo abari mu butegetsi,nta kuvugana gukwiye kurangwa hagati ya CENI hamwe n’abanyamigambwe canke aberwa n’amatora bose.
Umugambwe CNL urerekana kandi ko hibonekeza ukutihanganirana muvya politike aho hibonekeza mu bice bimwe bimwe ingoro z’umugambwe CNL zibomorwa izindi zigasibanganirizwa ivyandiko.
Nestor Girukwishaka arangiza ashikiriza ko uko bimeze kose umugambwe CNL ugiye kwitabira amatora yose kandi ko wipfuza impinduka ikomeye mu gihugu mu bisata vyose.





Recent Comments