UBM News ads

Umugambwe Sahwanya FRODEBU waraye wishize hamwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’igihe kinini umugambwe Sahwanya Frodebu ucitsemwo amashami,wongeye gusubiza hamwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye urongowe na Dr Jean Minani.

Patrick Nkuruziza na Muganga Yohani Minani bamenyesha ko imiryango yuguruye kubipfuza gufatanya nabo kugira habe impinduka mu gihugu.

Umugambwe Sahwanya Frodebu urongowe na Patrick Nkurunziza waraye wongoye kwiyunga n’umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri urongowe na Dr Jean Minani inyuma y’igihe kinini habayemwo ibice mu mugambwe Frodebu.

Nkuko biri mu rwandiko rwateweko umukono na Patrick Nkurunziza na Dr Jean Minani rwo Kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo 2024,bose bemeranije kwiyunga maze habe umugambwe Sahwanya Frodebu utagira amashami.

Patrick Nkurunziza na Muganga Yohani Minani bamenyesha ko imiryango yuguruye kubashaka bose kwifadikanya nabo kugira haboneke impinduka mu gihugu. Kwiyunga kw’imigambwe ni kimwe mu bikunda kwibonekeza mu Burundi igihe cose amatora aba yegereje bagasanga ariyo turufu bokoresha mu gutsinda amatora.

No mu mugambwe Uprona nta misi iheze abo kuruhande rwa Olivier Nkurunziza bashize hamwe n’uruhande rwa Tasiyano Sibomana kugira bitegurire amatora yimirije

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments