Umugambwe FRODEBU wiyunze n’abamwe mu banywanyi b’umugambwe FRODEBU Nyakuri

3

Mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa gatandatu hagati y’umugambwe FRODEBU waserukiwe na Pierre Claver Nahimana asanzwe awurongoye muri kino gihe n’uwasarukiye abahoze bari mu mugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye bagarutse mu mugambwe FRODEBU, bemeza ko biyunze basubiye kugira umugambwe umwe FRODEBU.

Bemeza ko basubiye kuja hamwe kugira bakurikize iragi rya Président Melchior Ndadaye ryo kugwanira demokarasi. Iryo tangazo rikavuga ko umugambi wo kubasubiza mu nzego z’uwo mugambwe FRODEBU uzoshirwa mu ngiro mu misi izokurikira.

Iryo tangazo rihamagarira abandi banywanyi b’umugambwe FRODEBU kugaruka mur’uyo mugambwe kugira bagwanire iragi rya Président Melchior Ndadaye.

Mwomenya ko umugambwe FRODEBU wigabuyemwo ibice vyinshi inyuma yaho hadukiye intambara yo mu 1993 aho Président Melchior Ndadaye na bamwe mu bafasha biwe bagandaguriwe. Hari abakurikiye Léonard Nyangoma, abandi Dr Jean Minani, Président Domitien Ndayizeye, abandi Kefa Nibizi

3 COMMENTS

  1. “Very interesting details you have noted , appreciate it for putting up. «I never said most of the things I said.» by Lawrence Peter Berra.”

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here