UBM News ads

Alexis Sinduhije siwe yatanguje umuhari Red-Tabara

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe Msd arahakana amakuru avuga ko ariwe yatanguje umuhari Red-Tabara,akavuga ko we yahisemwo kurwanya ubutegetsi bwa Cndd-Fdd biciye mu nzira ya politike atari indwano.
Alexis Sinduhije akavuga ko abandanya urugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa Cndd-Fdd mu nzira ya politike.ibi yabishikirije kuri uyu w’Imana kuri Radio Peace Fm ijwi ry’urwaruka.


Umunyepolitike akaba arongoye umugambwe Msd utagikorera ku butaka bw’uburundi kubera wahagaritswe,Alexis Sinduhije yararemesheje ikiganiro kuri Radio peace Fm ku musi w’ejo igenekerezo rya 1 nyakanga 2024 aho yagarutse ku bibazo bimwe bimwe vyagiye bica ku buhinga ngurukana bumenyi aho abatari bake bavuga ko Alexis Sinduhije yoba ari mu migambi yo kwishikana mu mumugambwe cndd-fdd Uri ku butegetsi.

Mu gihe yishura kuri ivyo bibazo Alexis sinduhije yamenyesheje ko atazokwigera yiyunga na Cndd-Fdd mu gihe ivyo basaba bitoshikwako nko gushiraho inzego nshasha zotunganya neza amatora ahurikiwemwo bose,gupfungura imbohe zose za politike ko bitokunda ko bicarana na Cndd-fdd.

ikindi yagarutseko nuko ahakana ko atariwe yashinze umuhari red-Tabara wama uvurwa kenshi mu guhungabanya umutekano w’igihugu uturutse mu rwanda nkuko vyama vyashikirijwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD.

Sinduhije avuga ariko ko abatari bake bari mu muhari Red-Tabara bazinanye kandi ko akwirikirana ibikorwa vyabo n’umunya politike.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments