Tuesday, September 27, 2022
HomePoliticsUmugambwe CNL ntunezerejwe n'ukuntu wakumiriwe kandi mu kudashirwa muri Leta nshasha.

Umugambwe CNL ntunezerejwe n’ukuntu wakumiriwe kandi mu kudashirwa muri Leta nshasha.

Abashingamateka b’umugambwe CNL ntibitabiriye kuri uyu wa gatanu ibikorwa vyo kurahira kw’abagize Leta nshasha yaraye itowe n’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca. Umwe mu bashingamateka b’uwo mugambwe asigura ko babajwe n’ukuntu Leta ya Varisito Ndayishimiye ibandanya nubu ikumira umugambwe wabo mukudashirwa muri Leta, ivyo babona ko ari uguhonyanga ibwirizwashingiro ry’igihugu izuba riva atacamira.
Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL yiganiye bagenzi bacu b’ikinyamakuru Sos Médias Burundi ko kubona abaraye bagenwe ngo baje muri Leta nshasha irongowe na Gervais Ndirakobuca ata n’umuntu n’umwe w’iwabo arimwo «vyerekena ishusho y’umugambwe CNDD-FDD wamye utubahiriza inzira za demokarasi»
Umwe mu bashingamateka b’umugambwe CNL atashimye kwivuga izina yatubwiye ko kubona bashimye kutitabira ibikorwa vyo kurahira kw’abagize Leta nshasha yaraye igenewe , ari ukwerekana akababaro umugambwe wabo wabaye uwakabiri mu matora yo mu 2022 utigera wiyumvirwako ngo ushirwe mu nzego zifata ingingo. «Kuva aho Leta irongowe na Bunyoni ikomborewe , twatanguye kugira icizere ko Perezida Ndayishimiye azokwikebuka agatwarwa n’agatima ku buntu n’ubushingantahe akiyumvira ku mugambwe wacu mukudusaba amazina y’aboja muri Leta nshasha, ariko sivyo twabonye nubu turacumiwe kuko ntitwibajije ko Neva yosubira gukora ikosa nkirya mbere ryo kudukumira kuko natwe turi abarundi nkabandi kandi dushoboye guterera mw’iterambere ry’igihugu» Niko uwo mushingamateka wo muri CNL abandanya asigura n’agashavu kenshi.
Amwe mu makuru ava mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ariko amaze igihe nuko hasohotse itegeko ryavuye mwa bamwe mu basirikare n’abapolisi bo hejuru bakomoka mw’uwo mugambwe ko umugambwe CNL ari uwo gukumira cane mu nzego zose zifata ingingo bitewe nuko uwo mugambwe wa Agathon Rwasa wabatangaje mu majwi waronse ‘naho umurwi utegura amatora CENI washimye gutangaza ibiharuro vyawo biha intsinzi yeruye umugambwe CNDD-FDD mu matora yose yabaye mu mwaka wa 2020’ nkuko vyavuzwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bari mu gihugu no hanze y’uburundi.

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...