Ku musi wa kane w’iy’indwi turiko tusozera, harasinywe i kinshasa muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo amasezerano aha uburenganzira ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko EAC kugira birungike ingabo zavyo mu kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Congo. Ayo masezerano ariko ntiyemerera ingabo z’urwanda kuzoba ziri mw’ivyo bikorwa bitewe nuko Abategetsi ba Congo bagiriza urwanda kuba ruriko rufasha umuhari M23 umaze igihe uhangana n’ingabo za Leta ya Congo muri kivu y’uburaruko. Izo ngabo rero zigashobora umwanya n’umwanya gutangura kurungikwa.
Ayo masezerano ategekanya ko inyuma y’amezi atandatu harungitswe abasirikare ba mbere bavuye mu bihugu bigize umuryango wa EAC hazokwihwezwa ingene bazoba bigenjeje mu gikorwa barungitswemwo. Ivyo vyashikirijwe na Peter Mathuki , umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko EAC. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vyiwe bijejwe amakuru, amasezerano y’igisirikare bise ‘SOFA’ aratomora neza igikorwa ingabo z’ivyo bihugu vyo mu karere zitegerezwa gukora ku butaka bw’igihugu ca Congo akongera akanerekana uruhara n’ico Leta ya congo ibwirizwa gukora kugira umugambi uranguke neza.
Nkuko iryo tangazo ribandanya ribimenyesha, icicaro gikuru be n’abasirikare b’inzobere harimwo n’abahinga babafasha vyaramaze gutegurwa. Abo nabo ni nk’umunyekenya Gén.Major Jeff Nyaga, umusirikare azoba arongoye ingabo zose zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Hakaba hamaze no kugenwa n’umwe muvyegera vyiwe, uwo nawe akaba ari Gén. de Brigade Emma Kabuta yamuka mu gihugu ca Congo.
Recent Comments