Umugambi Wa Leta W’Uko Impunzi Zahunze Mu 2015 Zihunguka Watanguye kuja Mu Ngiro.

0

Leta y’uburuni, ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, yaheruka kumenyesha ko impunzi zose zahunze ko zotahuka mu Burundi maze bakubaka Uburundi ; kuri iryo tangazo Leta ikaba yarahumurije abahunguka ko ibintu vyabo bazobisubizwamwo, yongera irabaremesha ko atawuriko arabakurikirana.

Uyo mugambi wa leta ukaba watanguye kuja mu ngiro ejo kumusi wa mbere itariki 14 Myandagaro 2017, aho impuzi z’abarundi zari zahungiye mu nkambi y’impunzi ya Lusenda, muri Kongo zahitamwo guhunguka ku bushake.

Leta y’uburundi ibicishije ku buyobozi bujejwe ihunguka ry’impunzi mu Bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe no gukunda igihugu, Igihugu ca Republika iharanira demokrasi ya kongo na HCR baratanguje kuri uyu wa mbere umugambi wo guhunguka ku bushake, mu gutuma abarundi bashika 70 bahunguka maze bakagaruka mu gihugu c’amavukiro bava i Lusenda mu nkambi y’impunzi.

Izo mpunzi zikaba zakiriwe ku mupaka wa Kongo n’Uburundi muri Commune Gatumba n’umufasha w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Buramatari w’intara ya Bujumbura hamwe n’umufasha w’uwuserukira HCR mu Burundi.

Therance Ntahiraja, umufasha w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yamenyesheje ko abo bahungutse bazoronswa imfashanyo y’ibifungurwa n’ibikoresho hamwe n’amafaranga yo kwifashisha maze bagasubizwa mu makomine baje bavamwo.