Uyu musi tugiye kuvuga ku Moko atatu avugwa mu Bihugu bibiri cane cane: Burundi&Rwanda!
Aya Moko nayo ni :
1.Abahutu
2.Abatutsi
3.Abatwa

Mubisanzwe ugiye kuraba ku bintu bigenga Ubwoko mu bindi Bihugu duhanye imbibe,usanga mu Burundi no mu Rwanda ata Moko ahari.
Kuko mu Bihugu dusangiye imbibe bidukikije,usanga igihugu kimwe gifise amoko arenga 50 kandi buri bwoko bwisangije akarere,imico n’imigenzo,ururimi….n’ibindi.
Ariko mu Burundi no mu Rwanda nta Ntara y’Abahutu ibaho,nta Ntara y’Abatutsi Ibaho,nta Ntara y’Abatwa Ibaho, kandi twese duvuga ururimi rumwe n’imico n’imigenzo bimwe!
Muti rero Vy’azananye hehe ivyo vyitwa Amoko? Abenshi basigurako Abakoloni ko aribo babizanye, baratugabagura kugira biborohere kudutwara! Ariko nizi ni imvugo za politique.
Muri make iyi Africa igabaguye ku turere,hari Africa ya ruguru ya Sahara,Africa yo musi ya Sahara, n’utundi turere dutandukanye!
Kandi ukwo uturere dutandukanye niko badukomokamwo batandukanye!
Akarere Uburundi n’Urwanda birimwo Kari kagizwe n’abantu bitwa Aba BANTU(Abahutu &abatwa)
Mugihe Abitwa Abatutsi uyu musi,baje bamanuka muri Kano karere bafise Amasho y’inka barondera akarere kameze neza ko kuragiramwo ibitungwa vyabo bazananye mugice c’amaja Ruguru kuko hatera hahinduka ubugaragwa bigatuma bataronka aho kuragira ibitungwa vyabo! Niko kariya karere ka Ethiopia, Eritrea,somalia,….kandi nabo bari bagabaguye,hariyo aburukoba rwera abo nta bitungwa bagira,naburukoba rwirabura nibo bari batunze ibitungwa vyinshi.
Aba twita Abatutsi rero bateye bamanuka mukarere ko hagati n’ubuseruko bwa Afrika barondera akarere kameze neza kumitungo yabo!
Aba BANTU bari batunzwe no guhiga ibikoko,no kurima ,murabonako nubu mu kurima bazura ifuku!
Aba Twita Abatutsi nabo,guhiga no kurima ntivyari mumico yabo,bo ahubwo bari bafise ibindi vyiyumviro biteye imbere gusumba aba BANTU Kandi basa n’abasirimutse,bashika bihagira uturere tutari duke,ahubwo Ababantu bababera Abakozi.
ABAZUNGU bamaze kuza kugabagura Africa basanze iyo mirwi ibiri ihari kandi Ntabwo bari babayeho kumwe(Ntibasa) Abatutsi bari basirimutse gato,Kandi kubera batakora ibikorwa bibaruhisha nk’Ababantu basa neza ivyico gihe nyene kandi nubu murabonako bagasazanye! Ibikorwa bibaruhisha si Ingabire yabo, ahubwo bo muribo bafise Ingabire yo kuyobora(Gutwara) canke kuganza. Abazungu baje basanga aribo bayobora,aribo batunze inka n’ibindi….muri make nibo bari bifise!!
Namwe mubiravye uhereye ku Ntwaro za cami,abatwara bari Abatutsi, niyo mpano bafise yo kuyobora kandi bavyizera ukwo nyene!!
Abazungu bashitse bakunda abo Bantu,kandi nawe aho wogera hose uri mushasha ushika wishirako uwo ubona akeye,aciye akenge,asirimutse…
Vyatumye Abatutsi baguma batonye cane ku mukoloni..yaba Abadagi canke Ababirigi.
Na barya basokuru wumva bahunze ikimoko canke amakori,Abatutsi ntibarimwo! Kuko bobo bari bifise ntibabura ivyo bahonga!
Ivyo vyanatumye Abatutsi bahagarara cane kugakanu Aba BANTU no kubahohotera biteye ubwoba!!
Mu Rwanda vyaratevye birahindukira,Ababantu barajijuka nabo batangura Gutwara,ariko Iburundi ntivyakunze.
Irwanda aba Hutu bahavuye bivugana Abatutsi,Umwami aho abereye umuhutu,vyazanye akavuyo kuko Abatutsi babonako atamuntu yoshobora kuyobora atari Umututsi! Nivyo vyagiye birakwegana kugezaho batangura guhunga Urwanda berekeza za Congo na Uganda.
Mu 1959 hoho vyarayangaye nyene baja kuba impunzi muza Uganda ariya makambi mubona nuyu musi hariya ariho na Kagame yakuriye.
Iburundi ho bagumye ku Ngoma kugeza 1993 naho nyene kandi kubera kagatima ko kubonako aribo bashoboye kuyobora mwarabonye ukwo vyagenze! Harya na RDC ntakindi bagwanira ni mpaka aribo bayoboye!
Umututsi umwemereye kuyobora,ukaba musi yiwe,ntakibazo bagira. Azirana nuwushaka kumuja hejuru! Azokwimba mpaka agucuritse tu!!
None vy’ukuri Umututsi yaremewe kuyobora??
Hanyuma tuzobabwira impamvu Abazungu bakunda cane gukorana n’Abatutsi gusumba aba BANTU!
Aya si Amacakubiri,oya namba! Kuko nanje ntimuzi ubwoko ndimwo.





Recent Comments