Hari abaguma batubaza bati :”Intambara ya Congo yoshika gute mu Burundi?”
Mu vyukuri ukoresheje ivyiyumviro biri hafi cane,urashobora kwibaza ko bidashoboka. Ariko ku bantu biyumvira kure barabibona ko bishoboka kandi ko bitebe bitebuke bizoba.
Irya ntambara ya Congo twarababwiyeko ifise intumbero zibiri nyamukuru:

1. Kwagura akarere kafatiye ku Moko,
2.Gusahura imyaka myinshi ubutunzi bwa Congo, kandi bikozwe n’ibihugu vyinshi.
Nubwo muri propaganda za M23 n’urwanda bavugako barwanira agateka k’Abatutsi baba Congomani,sivyo! Kuko abo Batutsi Congo yasa niyabemeye kera ko ari Abakongomani,kuko mu nzego zose za Leta barimwo! Hari igihugu cokwemera umuntu atari umwenegihigu waco aja mu nama nshingamayeka yaco ? Akaja mugisirikare n’igipolisi ari umunyamahanga? Bakamugena akaba umishikira nganji?
Ariko barya bose babategetsi muri M23 bari abategetsi muri Leta ya Congo,bamwe bari abasoda,bandi abapolisi,abandi abashingamateka,abashikiranganji,…Eka bari mu nzego zose.
None babasize muri izo nzego batabemerako ari Abakongomani??? Iyo mvugo rero yo kuvugako barwanira agateka kabo ko kwitwa Abakongomani sivyo!!
Ahubwo zirya ntambara ni Plan ndende cane,iherekejwe naka gatima ko baremewe gutwara!
Leta ya CNDD FDD rero itahabereye magabo ishobora kurwa mumutego nkuwo Leta ya Habyarimana yaguyemwo mu 1994,hakaza kuvukamwo ubwicanyi bufatiye ku Moko(Genocide)
Uyu musi kugira Abatutsi b’Iburundi bi ganzure(Révolution) ku bahutu bashobora kwisanga mu kantu Kagame yabateguriye kagasiga gahitanye indiri z’Abantu mu Burundi. Kandi ivyo birafatanye nukwo kutumvikana kuri hagati y’Ubrundi n’Urwanda.
Gushika uyu musi Leta ya CNDD FDD yagira Leta y’urwanda ko ariyo ibitse abashaka kudurumbanya Burundi,Y’urwanda nayo ikagiriza iyuburundi ko ibitse Interahamwe FDLR. Ibi rero bisa nkaho Abarundi bagiriza urwanda ko rushigikiye Abatutsi bashaka kwiganzura, Urwanda narwo rukagiriza Uburundi ko bushigikiye Abahutu bashaka kwiganzura.
Iyi bombe rero ni ngombwa izomeneka!!
Kandi ndababwije ukuri,Leta ya CNDD FDD ikintu c’Amoko iracishimikiza cane,mbere nizo nguvu ifise mu banyagihugu.
Kuko ntabindi bikorwa vy’Iterambere yakoze,vyotuma abantu bayishirako!
Ariko buri Muhutu wese w’Iburunndi umwibukije amagorwa babonye ku ntwaro z’Abatutsi akubwira ati:” Nubwo ataco batumariye ariko vyotuma”
Mwarabibonye 2015 ko ikibazo baciye bagihindukiriza ku Moko,Nkurunziza aca araronka inguvu nyinshi!
Umusi rero Red Tabara yokwinjira mu Burundi,bikamenyekana ko yinjiranye na M23,Genocide izoba ibaye mu Burundi. Kuko abategetsi ntazindi nguvu bafise zo kurwanya Abo bantu,imbonerakure biraboneka ko zizoca zirara mu benegihugu ataco bazira zitemagure zitongore!
Kandi bazoba bamaze kunanirwa, kuko ibizokurikira kuzoba kwangaza Abahutu bose kurya mubona Abahutu baba nyarwanda bapfuye bangara!!





Recent Comments