Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n’ikiza ca Ebola kikomoka muri Sudani. Iryo shirahamwe rikavuga kandi ko hariho n’abandi banduye ico kiza.
OMS imenyesha ko abantu 23 bapfuye mu turere dutatu turi ahitwa Rwagati mu gihugu ca Uganda. Maze batanu muri bo bakaba bari bemejwe ko barwaye ico kiza ca Ebola. OMS yavuze kandi ko ari co kiza ca mbere ca Ebola cadutse mw’ico gihugu ca Uganda kuva mu mwaka wa 2012 gitewe n’ubwoko bwa Ebola yo muri Sudani. Gushika ubu nta nkingo zemewe gukoreshwa ziriho kuri ubwo bwoko bwa Ebola.
Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, Ku musi wa mbere Leta ya Uganda yahakanye amakuru avuga ko abaganga bo ku bitaro vya Mubende bagize imyiyerekano yo guhagarika akazi. BBC ikavuga ko abaganga 34 bimenyereza kuvura batangaje ko banse gukora bagiriza Leta kuba itariko ibaha ibikoresho bikwiye vyo kwikingira Ebola.