Ivyo umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi ngo ni ububeshi . Ivyo bikaba bishikirizwa n’umunyepolitike Léonce Ngendakumana. Ngendakumana akavuga ko Varisito Ndayishimiye atarakwiriye gukoresha iyo mvugo mu gihe hakicibonekeza abantu banyuruzwa mu gihugu ndetse amaradiyo yaturiwe nubu atarahabwa uburenganzira bwo kwongera gukora ko muri rusangi mu gihugu c’uburundi hari amarushwa menshi.
Mu kiganiro yagiraniye na Radiyo RPA, Umunyepolitike Léonce Ngendakumana amenyesha ko aravye ibihe bitoroshe abarundi bariko baracamwo , Perezida Ndayishimiye ntiyarakwiye kwemeza imbere ya ONU ko agateka ko ibintu bimeze neza mu gihugu arongoye. «Ku bijanye n’agateka ka zina muntu, turacabona abantu birirwa bicwa, hari n’abicwa n’abajejwe umutekano , hari abantu banyuruzwa bakaburwa irengero. (…) Abantu barakumirwa ! Abantu babayeho nabi!Abantu babaye mu bukene ! Abantu babaye mu nzara ntibashobora no kwivuza! Mu gihugu hari amarushwa menshi !» bibabandanya bivurwa na Léonce Ngendakumana.
Mu bijanye no kumenyesha amakuru, Ngendakumana avuga kandi ko ata bwigenge na bukeya buhari muvyo kumenyesha amakuru mu Burundi kuko amaradiyo, ibinyamakuru n’imboneshakure bikorera mu gihugu biguma bininahaza gusa ibikorwa vyaranguwe n’ubutegetsi kandi n’umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yirirwa aravuga ko hariho ibintu bitagenda neza. Uwo yigeze kuyobora inama nshingamateka akamenyesha ko azokwemera ko ibimenyeshamakuru vyigenga mu Burundi niyo amaradiyo yaturiwe mu mwaka wa 2015 asubiriye kwemerwa gukorera mu gihugu. Léonce Ngendakumana ati :«…ntitwovuga rero ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru buhari mu Burundi ,ntaburahaba tuzovyemera yuko ibinyamakuru twahora tubona imbere yuko urwimo rwo mu mwaka wa 2015 rubaho, ingene ivyo binyamakuru vyakora birya vyasa n’ivyigenga buhorobuhoro ,vyaragendeka!»
Recent Comments