Ubushinwa Buriko bwiyegereza Africa, Amerika Nayo Itera iva Muri Africa.

0

Mu rugendo arimwo umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, Xi jinping, ku mugabane wa Afrika, biragarara cane ko ico gihugu ca rutura kwisi kiriko ciyegerza cane ibihugu vy’umuganbane wa Africa ku bwinyungu z’ivy’ubutunzi, aho ni mugihe imigenderanire hagati ya Afrika na Amerika iriko isubira inyuma.

Xi jinping akaba yatanguriye urugendo rwiwe Mu gihugu ca Senegal aho yabonanye n’umukuru w’ico gihugu. Akaba yabandanirije urugendo rwiwe mu Rwanda, igihugu kibanyi kandi kidacana uwaka n’Uburundi, ku bwo gukomeza imigenderanire hagati y’Urwanda n’Ubushinwa.

Ubushinwa bukaba buza imbere muri ibi bihe mu bijanye no kugurisha ibigwanisho ku mugabanae wa Afrika imbere ya Amerika bivanye n’imigenderanire itari myiza hagati ya Afrika na Amerika kuri iyi ntwaro ya Trump.

Mwomenya ko Trump yaheruka no kwifatira mu gahanga ibihugu vyose vya Afrika ko ari ‘umwanda’, imvugo yatumye abakuru b’ibihugu ba Afrika bamwe bamwe biyamiriza iyo mvugo ya Trump.

Ubushimwa na Amerika bisanzqwe biriko bishamirana mu ntambara y’ivy’ubutunzi aho ata gihigu na kimwe muri ivyo gishaka kurekurira ikindi. Ariko rero, biraboneka ko Ubushinwa bushaka kwigarurira Afrika nka yose bivanye n’uko Amerika isa niyiriko ikuramwo akarenge.