Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu buriteguriye kurwanya Ebola.

0

Mu Burundi, Ubushukiranganji bw’amagara y’abantu bwamanyesheje ko bugiye gukomeza ingingo zo gukinga ko ikiza ca Ebola cinjira mu Burundi kivuye mu gihugu kibanyi ca Kongo.

Umushikiranganji bw’amagara y’abantu, Thadee Ndikumana akaba yavuze ko ‘ibicce vyose bihana urubiba n’Uburundi na Congo vyosuzumwa neza maze abantu bava muri Kongo baza mu burundi bihwezwe neza’.

Ikiza ca Ebola kiriko kibica bigacika muri Kongo aho OMS imenyesha ko hamaze gupfa abashika 1600 mu kiringo kidashika umwaka Ebola yatse indaro mu buseruko bwa Kongo.

Ikiza ca Ebola giheruka kwibonekeza mu ntara ya Goma ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda, ivyatumye Urwanda ruhagarika umutima cane ko ico kiza gishobora kujabuka mu Rwanda kuva i Goma.

Mu Buganda naho, OMS iheruka kumenyesha ko hari umurwayi wundi wa kabiri aheruka guhitanwa na Ebola mu gihe Ubuganda butaramneyekana ko bufise ico kiza cica.