Ubushikiranganji bw-umutekano buvuga ko hari abantu bagenda mu vyabo badasezeye mu nyuma ababo bakavuga ko babuzwe irengero.

0

Umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano  yarerekanye kuri uyu wa gatandatu umuntu avuga ko ari mu bigize ko yanyurujwe. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji  yamenyesheje imbere y-abamenyeshamakuru ko iyo umuntu abuze mu kibano , ntabwo ari imisi yose aba yanyurujwe.Le ministère de la sécurité publique s'exprime sur certains cas relatifs à  la sécurité dans le pays -

ˮ…No kunyuruzwa birashobora kubaho kuko ni icaha gisanzwe gitegekanijwe n-igitabu mpanavyaha c-uburundi. Kurashobora kuba ukuri  canke  mbere hari n-ababikina ku nyungu zabo zitandukanye‟  Niko Nkurikiye yasiguye.

Uwo asanzwe avugira ubushikiranganji bw-umutekano yasiguye ko uwo muntu yari yigize ko yanyurujwe yandikiye ubutumwa umupfasoni wiwe  amubwira ko yanyurujwe  n-abantu atazi , ndetse ko banamujanye bamupfutse igitambara mu maso . Niko guca uwo mugore aja kubimenyesha inzego z-ibijejwe . Amenyesha ko zigize amatohoza zamusanze ari mu nzu yakira ingenzi ˮ hôtel‟ atako aravyiyemerera ko ariko vyagenze.

Petero Nkurikiye ahanura abo bose babura ababo ko bokwitura inzego z-umutekano . Kubwiwe, ngo hari abagenda mu bindi bakabihisha ntibanasezere munyuma ukaza wumva bariko batabarizwa ko banyurujwe.