OLUCOME irashimira umushikiranganji Gervais Ndirakobuca ukuntu yitanga kugira akingire itunga ry-igihugu.

0

Ishirahamwe rirwanya ibiturire hamwe n-isasagura ry-amatungo ya Leta, OLUCOME rirashimira umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca kuko afise umutima wo gukingira itunga ry-igihugu. Bikaba vyashikirijwe na Gabriel RUFYIRI ,arongoye iryo shirahamwe, hari kw-iradiyo n-imboneshakure RENAISSANCE .Guterera amatora ya 2020 ni ubusuma buhambaye bikorwa na leta kuko «  Intererano ku rwego rw'igihugu zitozwa iyo ari ikiza cateye | «Ihanga Ryera  ry-Imana

Uwo arongoye  OLUCOME abivuze inyuma yaho uwo mushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu asavye abajejwe gutoza amakori mu gisata kijejwe kwunguruza abantu n-ibintu  mu gisagara ca Bujumbura banyururije imiriyoni zirenga 51 z-amafaranga y-amarundi. Aho yabaye gasopo ko ku musi wa mbere w-indwi tugiye gutangura bazoba bayasubije atari uko abatazobikora bazoca baja gufungwa.

Gabriel Rufyiri asaba umushikiranganji Gervais Ndirakobuca  ko umwete n-ishaka afise  yobibandanya  kuvyerekana  kugira ingeso yo kunyonora amatungo ya Leta iranduranwe imizi mu Burundi. Agasabwa kandi kubikora ata muntu n-umwe arenganije.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!