Uburundi na Kenya mu kutumvikana ku bijanye indege iva Bujumbura-Nairobi.

0

Ishirahamwe rijejwe indege zunguruza abantu bava i Nairobi muri Kenya zija i Bujumbura mu Burundi rigize imisi rifitaniye ibibazo na leta y’i Bujumbura kubera ukutabona ibintu kumwe.

Mu gihe Kenya Airways yahavuye igabanya incuro iza i Bujumura kubera ukudahuza hagati ya Kenya Airways na Bujumbura, ubu naho leta y’Uburundi ntibona kumwe na kenya Airways ku ngingo yafashwe yo kurungika indege yo mu bwoko bwa JamboJet kugira ize iragira ingendo za Bujumbura Nairobi, kubera ibonwa ko ‘isuguritse’ ugereranije nizindi.

Bujumbura ikaba idashima ‘indege izimbutse ya JamboJet’ kubera vyoboneka ko itabereye ingendo z’abava i Bujumbura baja i Nairobi.

Mw’ikete leta y’Uburundi yandikiye umuyobozi wa JamboJet, ryamenyesheje ko itanezerejwe no kurungika iyo ndege yo mu bwoko bwa Bombardier DHC8-Q400 ngo ikore ingendo za Nairobi-Bujumbura kubera ko ‘itabereye gukoreshwa n’abategesti b’uburundi igihe bafashe ingendo baja i Nairobi’.

Indege ya JamboJet ya Kenya Airways isanzwe izimbutse ugererajije na Kenya Airways, ariko rero leta y’Uburundi yarayiyamirije naho ubwa mbere yari yayemeye maze ica ifata ingingo zo guhagarika uburenganzira ifise bwo kuza i Bujumbura, niko JamboJet guca ihagarika ingendo kubera iyo ntambara y’amajambo hagati ya Bujumbura na Kenya Airways.