Uburundi, Koreya ya Ruguru na Erithrea: Ibihugu vyiganjemwo ‘ubushumba bwa none’.

0

Mw’itohoza ryashizwe ahabona n’ikigo Global Slavery Index muri uyu mwaka wa 2018, ibihugu vya Koreya ya Ruguru, Erithrea n’Uburundi vyagaragaye ko arivyo bihugu vyiganjemwo cane ubushumba bwa none( Esclavage moderne) mw’isi.

Ico cegeranyo kishikiriza ingorane zishingiye kuri politike hamwe n’uko ayo maleta afata abanyagihugu bayo mu kubakandamiza.

Kimwe muri ibi bihugu bitatu bifise ugukoresha abanyagihugu ibikorwa vy’agahato kandi mu muruho, aho amaleta yabo akoresha abanyagihugu babo ku bw’inyungu zabo“, niko abakoze ico cegeranyo bamenyesha.

Igihugu ca Koreya ya Ruguru kikaba arico kiza imbere mu gushira abanyagihugu baco mu Bushumba bwa none, aho ‘umunyagihugu 1 mu bantu 10 usanga akoreshwa ibikorwa vy’umuruho kandi akaba ari mu bushumba bwa none’.