uburundi bwashikirije Leta y-u Rwanda abarwanyi 11 b-umuhari FLN bari bafungiwe mw-ico gihugu.

0

Leta y-uburundi kuri uyu wa kabiri yashikirije igihugu c-urwanda abarwanyi 11 b-umuhari FLN baheruka gufatirwa k-ubutaka bw-uburundi neza na neza mu ntara ya Cibitoke.

Igikorwa co gushikiriza abo barwanyi  cabereye i Nemba k-umupaka uhuza igihugu c-uburundi hamwe n-urwanda, bihagarariwe n-abajejwe igendereza mu gisirikare c-ivyo bihugu bihugu bibiri.  Abandi bari bitabiriye ico gikorwa harimwo abo mu mashirahamwe mpuzamakungu nk-abo mu muryango w-ubumwe bwa Afrika.

Tubamenyeshe ko abo barwanyi bashikirijwe Leta y-urwanda bari bafatiwe mu gihugu c-uburundi  neza na neza mu ntara ya Cibitoke muri komine Mabayi na Bukinanyana mu mpera z-ukwezi kw-icenda , bakaba bari bamaze imisi bafungiwe mu gasho k-iperereza ry-uburundi.