UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Uburundi buza ubwa mbere mu bihugu 21 bikenye cane kw-isi mu mwaka wa 2022.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu c-uburundi cashizwe ku mwanya wa mbere w-ibihugu mirongo ibiri na kimwe bikenye cane kw-isi mw-uw-umwaka turimwo wa 2022. Hafatiwe ku mwimbu umunyagihugu umwumwe  wese aronka buri mwaka, Abanyagihugu b-uburundi basanze boronka amadorare y-abanyamerika 269 (269$). Biri mu cegeranyo cama gisohorwa buri mwaka n-ikinyamakuru Statista.com ku bijanye ukwo ibihugu vyo kw-isi vyagiye bisumbasumbana mu butunzi hamwe no mu bukene. Mw-urwo rutonde, Uburundi bukwirikirwa n-ibihugu vya Sudani y-epfo hamwe na Somaliya.May be an image of 9 people, child and people sitting

Urwo rutonde rw-ivyo bihugu bikenye cane kw-isi (hamwe n-amadorare y-abanyamerika umunyagihugu wese w-ivyo bihugu aronka )rumeze uku: 1.Burundi :269 $  2.Sudani y-epfo:313$  3. Somaliya: 369$  4. Mozambique:506$  5.Madagascar:531$  6.Malawi:543$ 7.Sierra Leone:551$  8.Centrafrika:557$  9. Yemen:587$   10.RDC: 622$  11.Niger :661$  12.Tchad:743$  13.Liberiya: 743$  14.Sudani:809$  15.Rwanda:832$  16.Gambiya:846$ 17.Tadjikistan:890$  18.Guinée-Bisau:907$  19.Burkina Faso:988$  20.Uganda:1074$  21.Togo:1075$

Twobamenyesha ko ikiboneka mw-urwo rutonde rw-ibihugu bikenye cane mu mwaka wa 2022, n’uko ibihugu nka vyose bituruka ku mugabane wa Afrika kiretse ibihugu vya Yemen na Tadjikistan. Igihugu c-uburundi kiba kimaze imisi kiza mu kibanza ca mbere mu bihugu bikenye kw-isi nkuko tubisanga mu vyegeranyo bitandukanye  bisohorwa n-amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c-ubutunzi nk-ibanki y-isi yose , ikigo FMI n-ibindi,…

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments