Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi yarasohoye urwandiko kuri uyu wa gatandatu aho atera ivyatsi ibiheruka kwemezwa n-umurwi CVR, ko ubwicanyi bwo 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu. Ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushiraho umurwi wigenga w-amatohoza kuri ubwo bwicanyi n-ubundi bwabaye mu Burundi hongere hashirweho n-ingene ivyo vyaha vyohanwa.
«…Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yashimye kurungikira urwandiko ONU ,ibihugu bikwirikiranira ibiba mu gihugu c-uburundi hamwe n-abategetsi b-uburundi amenyesha yuko biyamirije itangazo umurwi CVR wagize, aho wemeje ku mugaragaro ko ubwicanyi bwo 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu . Tugasaba ONU yuko yohaguruka ikaza gufasha kugirango ivyo CVR iriko irakora bikosorwe kugirango ntibizoheze bizana indyane mu Barundi» Niko Vital Nshimirimana ari mu baserukiye ayo mashirahamwe avuga, hari mu makuru yo kuri Radio Inzamba Agateka kawe ivugira ku buhinga ngurukanabumenyi.
Recent Comments