UBM News ads

Ubuhemu bwa Jacques BIGIRIMANA bumuteye AVC

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Genda CNDD-FDD ntako utagira ngo uhe isomo abarundi . Mu bantu igihugu nabanyagihugu bakwiye kubaza amagorwa barimwo Jacques BIGIRIMANA arimwo. Muganga Minani Jean niwe yabimburiye abandi muri zanyakuri,uwu Yakobo nawe aza atazambaye,yagize gutwara ingoma abura aho ayivugiriza , CNDD-FDD iramuhenda imuhendesha inora none ubu yoba ari kuragira inka?

Jacques BIGIRIMANA yaciye ahantu henshi harimwo ibigo bikomeye nka OTB , ikigo nka Global Port Ku kivuko ca Bujumbura aho hose yagiye yivye Ayo mahinguriro ubutakigaruka.

Ya mvugo igihugu kikonkeje niwonke unyarutsa ko nturi umuhererezi, Jacques BIGIRIMANA yarabikoze. CNDD-FDD yamucukije muri 2020 aho vyaheze imuhaye igisata c’ingenzi Tourism aho yashatse kwiba aho Ku mashuha,birangira bimutaye Ku wamazi.
Igihe yahendwa ngo atware umugambwe FNL kugira bikunde azimye Rwasa, CNDD-FDD yaramuravye isanga ntaco afise . Yagumye abesha ariko barabona ko CNL ikomeye mpaka bitiza izindi nguvu guco Jacques BIGIRIMANA atera atakaza inguvu kurubuga.

Jacques BIGIRIMANA ko adakoma yoba ari mubiki? Abatari bake bahuriza ko yoba atakiri mu Burundi ko yoba avuga nk’abandi ko agiye kwivuza mu mahanga ariko ahunze amadosiye amwe amwe y’ubunyonyezi aho yagerageje kuronka aho avugira bikanka. Amaze kubona ko ikibanza ciwe cimvuzi uwiyita gushira hasi abandi gitwawe n’abandi ,akaja mugashomeri biravugwa ko ingwara ya AVC yoba yaramukitse cane bikamuviramwo n’uburwayi bukomeye. Wa wundi ngo uheza guhemuka ibigori bikera,ntawuhora aho yabaye.

Yadahemuka yobaye Intwari, CNDD-FDD yaragize abantu bamwe ibikoresho irabakamura ibasiga nk’imisigazwa bata kwiyarara. Yo atica umugambwe warukomeye utavuga rumwe n’ubutegetsi ubu CNDD-FDD iba ifise Abo bahangana,ibitoro,ifumbire ntivyobuze ngo abantu bame bariko bararaba umenga ni nk’ireresi ataco bari bukore.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments