UBM News ads

Ikarata ya nyuma ya Tshisekedi na NDAYISHIMIYE

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, akaba arongoye n’akanama kabakuru b’ibihugu vya Afrika, niwe ashikiriwe inyuma ya UHURU Kenyatta, Joao Lorenzo umukuru w’igihugu ca Angola, inyuma y’ibiganiro vya Qatar eka inyuma y’amasezerano yashizweko umukono i Washington vyose vyanka, ubu hagezweho u BURUNDI.

Umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE nyuma yokubonana na Tshisekedi, igihe hariko haravugwa imyiyerekano ikomeye itariki 8/7/2026 yo kwiyamiriza gushaka guhindura ibwirizwa shingiro rya RDC, NDAYISHIMIYE yahawe akazi na Tshisekedi katoroshe. Guhuza abatavuga rumwe na leta ya Congo bose harimwo na M23 havuyemwo Kabila.

Abari batunganije imyiyerekano batangaje ko bayunguririje itariki 22/7/2026 Ku mvo zo kubanza kwakirwa i Gitega na Evariste NDAYISHIMIYE. Abatari bake batavuga rumwe na leta ya Congo bamaze gushika i Bujumbura abandi baritezw. Amakuru ava muri Congo yerekana ko uwo mubonano ushobora kubera i Gitega. Leta y’uburundi ntaco iratangaza. Ama video amwe yerekana abatavuga rumwe na leta ya Tshisekedi bari Ku kibuga c’indege i Bujumbura yahanahanywe.

Benshi bati Evariste NDAYISHIMIYE woba ari umukenyuro yahaye Tshisekedi kugira aheme n’iminsi ibiri babe barasamaza Abo batavuga rumwe na leta yiwe yiteguye guhagurukana inguvu, abandi bati NDAYISHIMIYE ko ari umuntu adakeburwa,yo umukebuye ashavura cane ( benshi bahera aho Katorika imukeburiye,ari mu ntambara nayo) ubwo azoshobora guhuza abandi ? Si ubwambere M23 ihura na NDAYISHIMIYE atakivamwo, mbega M23 ko iriko irasatira gufata ibindi bibanza, iriteguye kuza i BURUNDI guhuzwa na NDAYISHIMIYE bagiriza kuba ari mubabarwanya ?

Iko biri kose, ikibazo ca Congo si Nico gukinirako ko Nko mu buseruko bwa Congo cane cane uvira ifitiye runini Bujumbura aho ariyo ubu itanga ibice binini vy’ibitoro gikoreshwa mu gisagara. Congo itagira amahoro mwako gace, ni ingorane Ku Burundi gusumba na congo.

Hari abavuga bati gutosora igitosi ki mu jisho ry’uyundi biroroha, bati ubwo NDAYISHIMIYE ko vyamunaniye kwicarana na Agathon Rwasa ahubwo agahitamwo kwitorera ibikoresho vyiwe,yoba uwo mukenyuro yarawuhaye Tshisekedi muri Congo uranka ?
Aho biri amaso ya Congo yose ari i Bujumbura canke i Gitega muri iyi weekend. N’inkuru Iza kubandanya.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments