Ububiligi busaba urwanda guhagarika vyihuse ibikorwa vya gisirikare ruri gukorera muri Kongo hamwe no gukurayo abasirikare barwo mu maguru masha.ibi vyashikirijwe n’uwuserukira ububiligi muri Kongo Roxane de Bilderling kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 mukakaro 2024.

Inyuma y’imisi mike raporo y’umurwi w’abahinga ba ONU warungitswe n’inama nkuru y’umutekano,ububiligi bwaragaragaje ko muri Kongo ko ivyaha vyo gusinzikariza ubuzima bwa kiremwa muntu biriko biriyongera hamwe no kutubahriza amategeko agenga kiremwa muntu kw’isi akaba ariko arahonyangwa mu buseruko bwa Kongo
Kuri raporo iherutse gushikirizwa n’umurwi w’abahinga ba ONU,Ububiligi bushikiriza ko iyo raporo yerekana neza ko igihugu c’urwanda gishigikira imirwi nka M23 hamwe n’ihuriro rya politike na gisirikare Alliance Fleuve du Congo(AFC) iriko irahungabanya umutekano mubuseruko bwa Kongo.Urwanda rukaba rushigikira iyo mihari mu kurungika ingabo z’urwanda mu bikorwa vy’intambara muri Kongo.
Nkuko vyashikirijwe n’uwuserukira ububiligi muri Kongo,Ambasaderi Roxane de Bilderling kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 mukakaro 2024,yagize ati:«Ndateye ivyatsi cane ibikorwa biza bisambura amasezerano mpuzamakungu ya ONU biza bisambura ubutaka n’ubwigenge bwa Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Nkuko bibandanya bishikirizwa na Roxane de Bilderling,ububiligi busaba urwanda guhagarika vyihuse ibikorwa vya gisirikare no gukura ingabo ingabo zarwo muru Kongo.nayo kuruhande rw’umuhari M23,ububiligi busaba umuhari M23 guhagarika ivyaha bari gukorera abanyagihugu.Ububiligi bukabandanya busaba guharika gushigikira imirwi yose yitwaje ibirwanisho maze hagatangura ibiganiro byo mukarere.
Roxane de Bilderling avuga ki ivyo bidahagije.agira ati:«Mu bumwe bwa bulayi tubandanya gushiraho ibihano.ikindi nuko dufasha abanyagihugu mu kubaha infashanyo biciye mu mashirahamwe mpuzamakungu cane cane amahirahamwe akorera muri kongo.»





Recent Comments